Muyinga, Imeuble BIRASHOBOKA communemuyinga@gmail.com

Détails de l'actualité

Musitanteri yagendeye abanyeshure b'i Muyinga biga mu makaminuza ya Reta bakomoka mu miryango ifise amikoro make .

Ibiro 100 vy'ibiharage, ibiro 150 vy'ifu y'ibigori, imifuko 12 y'amakara, utubido 3 tw'amamesa hamwe n'amapaki 15 y'impapuro zo kwandikako nivyo vyahawe abanyeshure b'i #Muyinga biga mu makaminuza ya Reta bakomoka mu miryango ifise amikoro make kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 14 Ntwarante 2026.

Bikaba vyashikirijwe na musitanteri wa komine Muyinga  Amédée Misago mu rugendo yagize aho abo banyeshure baba muri karitiye Mugoboka muri komine  Mukaza mu ntara ya Bujumbura.

Mu rugendo yagize muri iyo karitiye, musitanteri  Misago yagendeye abanyeshure bakomoka muri komine Muyinga arongoye aho yari yaje abagemuriye ibishobora kubasahiriza mu buzima babayemwo.

Musitanteri  akaba yabashikirije ibifungurwa, amakara ndetse n'ibikoresho bizobafasha mu mashure, akaba yabashimiye ku ndero runtu bafise yongera abahanura kuguma bifashe muri vyose na hose.Yasavye kandi abo banyeshure kwigana umwete kugira baze bagire ico bamariye igihugu.

Abo banyeshure bakaba bashimiye cane izo ndongozi zabiyumviriyeko mu kubamirira amate. Bakaba babijeje kutazobahemukira na mba.

Urwo rugendo rukaba rwari rwitabiriwe kandi n'umunyamabanga nshingwabikorwa wa komine Muyinga, uwujejwe indero hamwe n'umunyabigega muri iyo komine.


#indero #kaminuza #buhumuza #muyinga #urumuri
Retour aux actualités

Abonnez-vous

Abonnez-vous à la newsletter pour recevoir les communiqués, appels d’offres et avancées directement dans votre boîte mail.