Muyinga, Imeuble BIRASHOBOKA communemuyinga@gmail.com

Détails de l'actualité

Buhumuza: Abanyeshure biga muri kaminuza y'Uburundi bavuka muri komine #Muyinga mu bigo bitandukanye bahuriye hamwe ntumbero yo kwakira bashasha baherutse kwinjira muri kaminuza.

Abanyeshure bavuka muri komine Muyinga biga muri kaminuza y'Uburundi mu bigo bitandukanye bahuriye hamwe kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 15 Ntwarante. Hari mu ntumbero yo kwakira bashasha baherutse kwinjira muri kaminuza, gutanguza ku mugaragaro ishirahamwe rihurikiyemwo bose hamwe no kwipfurizanya umwaka mushasha.

Mw'ijambo ryiwe musitanteri wa komine #Muyinga #Amédée_Misago akaba yakengurutse ishaka n'ubukerebutsi abo banyeshure bafise, aca abemerera ko komine izoza irabashigikira. Ariko akaba yabasavye gukora cane bakiga bamenya batibagiye kugira indero runtu. Ikindi ngo ni ukwiyumvamwo ko ari imvukira za komine #Muyinga, ko na bo bafise ico boterera gikomeye mw'iterambere ry'iyo komine.

Abagiye barafata amajambo bose bakaba basavye abo banyeshura kutarera amaboko hamwe no kutagira ubwoba bwo gukora kuko ngo ntivyizana.

Abo banyeshure rero bakomoka mu makomine yahahora ya Muyinga, Gasorwe, Mwakiro na #Buhinyuza bakaba bamaze kwiyunga mu gushinga ishirahamwe CECOMU(Cercle des étudiants de la commune #Muyinga) ribahuza muri komine #Muyinga. Bimwe mu vyo bashima ngo ni ingendo nziza y'indongozi mu kubaherekeza mw'iterambere ry'ivyigwa vyabo. Na bo ngo biteguriye kutazomaramaza komine y'amavukiro kandi ngo vyinshi baramaze kubitegura mu ntumbero yo guhindura ishusho y'iyo komine.

Mwomenya ko ivyo birori vyasozerewe n'ugusangira bipfurizanya umwaka mushasha no kwiginana hagati y'abategetsi bavuka i #Muyinga hamwe n'abo banyeshure.

#Indero #Kaminuza #abanyeshure #Burundi

Voir plus d'images

Abonnez-vous

Abonnez-vous à la newsletter pour recevoir les communiqués, appels d’offres et avancées directement dans votre boîte mail.